Rwanda: Umunyamakuru w'Umusingi yarahohotewe

Icuma co gufata amafoto
Image caption Icuma co gufata amafoto

Umuyobozi mukuru w'ikinyamakuru Umusingi, Nelson Hatsimbazi, avuga ko yahohotewe n'abapolisi ari mu kazi bamwaka icuma co gufotora.

Bwana Gatsimbazi yabariye BBC ko yariko arakurikina inkuru y'icapiro ry'ibitabo ryariko rirasamburwa mu karere ka Nyarugenge, ariko aranafata amafoto.

Ngo ubwo nyene umukuru wa Nyarugenge ari kumwe n'abapolisi baciye baza bamubwiriza guhanagura ayo mafoto, nawe ababwira ko ari ku kazi kandi ko amategeko amwemerera gufata ayo mafoto.

Ngo baciye bamwaka ico gikoresho ku nguvu, bafuta amafoto yose yarimwo ashika ku majana abiri.

Nelson Gatsimbazi avuga ko amategeko agenga itangazamakuru amwemerera gufata amafoto ari mu kazi, mu gihe yitwaje ibimuranga.

Ngo yaciye atabaza umuvugizi w'igipolisi c'u Rwanda, Theos Badege, anamubwira abamuhohoteye abo ari bo.

Bwana Badege yabariye BBC ko ari vyo, ngo baravuganye bumvikana aho baza guhurira ariko Gatsimbazi ngo ntiyahashitse, eka mbere ngo ntibashoboye no kubonana.

Umuvugizi w'igipolisi yavuze ko yabwiwe ko bwana Gatsimbazi yasabwe kwerekana ikarata y'akazi ntiyabikora.

Ngo kandi mu bari aho bose, nta numwe yigeze yemanga ko Nelson Gatsimbazi yahohotewe n'abapolisi.