Ingabo za Syria zinjiye Deraa

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service

Abateye kubiri n'ubutegetsi bavuga ko habaye intambara hagati mu muji wa Deraa, aho bivurwa ko haboneka ibiziga vy'abantu kw'ibarabara, nayo umusigiti mukuru urazingirikiwe

Ingabo za leta bivurwa kandi ko zamaze kwinjira umuji wa Douma, uri mu micungararo y'umurwa mukuru Damascus, aho bavuga ko bafashe abantu.

Jordanie iaravuga ko urubibe bihana na Syria rwugawe n'ico gihugu nyene.

Abatavuga rumwe na president Assad bemeza ko kubona yagomoye ingabo ziwe kuri bo, ar'ikimenyetso ko atumva akamo bamuteye ku vyo bashaka ko bishinduka muri politique