Ambassaderi Rwamucyo ngo nta gasopo yahawe na MI5

rwanda location Uwufise ububasha kw’isanamu vt
Image caption Urwanda kuri map

Ikinyamakuru Theindepemdamt co kuwa gatanu 29, ku rupapuro rwaco rwa kane, canditse ko urwego rw'ipererza MI5 rwagabishije uhagarariye Urwanda mu Bwongereza.

Ambassador Ernest Rwamucyo ngo yasabwe guhagarika guter'ubwoba abanyarwanda bari mu Bwongerza badahuje ivyiyumviro n'ubutegetsi bw'Urwanda, bitabaye uko, Ubwongereza bugahagarika infashanyo buha Urwanda.

Theindependant yongerako ko bamwe mu banyarwanda baba mu Bwongeerza, babwiye ico kinyamakuru kw'abategetsi bo mu biro vy'uhagarariye Urwanda iLondres bashinzwe gukora isekeza ryo kurondera abantu bose b'abanyarwanda baba mu Bwongereza bazwi nk'abarwanya ubutegetsi bwa Presodent Kagame.

Ambassaderi Rwamucyo aravurwa ko yari mu nama yabereye muri restaurent Nando's, aho umunyarwandakazi Jeanne Umurisa yatewe ubwoba abuzwa gushiraho ishirahamwe rihuza abanyarwanda bahoze mu gisirikare "Waliyo back".

Mu kiganiro yahaye BBC, Ambasasderi Ernest Rwamucyo ahakan aibivurwa n'iki kinyamakuru, avuga kw'ar'ikinyoma cambaye ubusa.

Uretse ko yememera ko yari mur'iyo nama kandi yahuye n' uwo munyarwandakazi nk'uko ahura n'abandi bo mu gihugu ciwe baharurwa ku 3000 mu Bwongereza, arahakana ko atawamuteye ubwoba.

Ikindi n'uko ngwe'ico kinyamakuru kitigeze kigira ico kimubaza n'ubwo candika ko cavuganye nawe.

Jeanne Umurisa we aremeza ko yabariwe ngo asigeho ivyo ariko arakora vyo gushigikira umurwi uhuza abanyarwanda bahoze ar'abasirikare yabariwe ko ufise ivyiyumviro bibi vyo guseny'igihugu.

Nawe yabwiye BBC ko yumvise ko ar'iterabwoba bamushizeko kuko yabariwe ngo niyagira ico aba ntaze atangare.