Pakistan itewe isoni n'uko Bin Laden yabayo batabizi

Inyubakwa Bin Laden yabamwo muri Pakistani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inyubakwa Bin Laden yabamwo muri Pakistani

Ibiro vya Pakistan bisuma urusaku, ISI, bivuga ko bitewe isoni n'uko umukuru wa Al Qaeda, Osama Bin Laden, yaba mu nzu iri hafi y'ikigo c'igisirikare batabizi.

Ico kigo c'igisirikare kiri mu buraruko bw'umurwa mukuru Islamabad, hafi y'inzu Bin Laden yiciwemwo n'abasirikare ba Amerika mu gitondo co ku wa mbere.

Ubu Pakistani ihanzwe amaso kuko vyitezwe yuko isigura ukuntu Bin Laden yahinyegeje igihe kitari gito atavyo bazi.

Havugwa vyinshi bitandukanye ku vyerekeye ivyari bizwi: ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Pakistani buvuga ko bwahanahanye amakuru kuri iyo nzu n'ibiro bisuma urusaku vya Amerika, CIA, kuva mu 2009.

Ariko umuhanuzi mukuru wa Prezida Obama mu vyo gukumira iterabwoba, John Brennan, yavuze ko amakuru baheruka kuri Osama Bin Laden yabamenyesha ko yari amaze imyaka itanu canke itandatu aba muri iyo nzu.