Abashingwamanza muri Uganda bagize imyiyerekano

Abashingwamanza mu myiyerekano muri Uganda
Image caption Abashingwamanza mu myiyerekano muri Uganda

Abashingwamanza muri Uganda bagize imyiyerekano imbere ya sentare nkuru bavuga ko bababajwe n'uko amategeko n'ubutungane vyahungabanye mu gihugu.

Bari bambaye amakanzu yirabura, batangurira imyiyerekano mu cumba gitoyi c'iyo sentare baca baja hanze kwicara munsi y'igiti.

Abo bashingwamanza bavuga yuko igisirikare hamwe n'igipolisi vyakoresheje inguvu z'ikirenga mu gushwiragiza abatavuga rumwe na leta bo mu mugambwe FDC, igihe bari mu myiyerekano.

Muri iyo myiyerekano abantu batari bake bararashwe barapfa, abandi bashika amajana barakomereka; abashingwamanza bakaba bari basavye kuba abahuza muri ayo matati.

Umwe mu bakuru b'abatavuga rumwe ba leta, Kizza Besigye, yafashwe bwa bunyamaswa mu myiyerekano, ubu akaba ari muri Kenya kwivurizayo.