Pakistani iratohoza ku catumye itabona Bin Laden

Inzu Bin Laden yiciwemwo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inzu Bin Laden yiciwemwo

Abakuru mu vy'umutekano muri Pakistani bagiye gutanguza itohoza ku catumye abasumyi b'urusaku babo batamenya ko Bin Laden yari mw'ico gihugu.

Aho baganira n'abamenyeshamakuru, abakuru b'igisirikare ca Pakistani bidogeye leta zunze ubumwe za Amerika ko zitasangiye n'abo amakuru imbere y'uko batera inzu y'umukuru wa al Qaeda ku munsi wa Mungu mw'ijoro.

Bavuze ko abasirikare ba Pakistani ubu bafise abagore batatu ba Osama Bin Laden kandi ngo umwe muri bo yamuka muri Yemen, yabariye abamubaza ko we n'umugabo wiwe babaye imyaka itanu muri kimwe mu vyumba vy'inzu Osama yiciwemwo.

Abana batatu nabo nyene basanzwe muri iyo nyubakwa.