Al Qaeda ngo iremeza ko Bin Laden yapfuye

Osama bin Laden Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Osama bin Laden

Ikigo ca Amerika kigenzura ibikorwa vy'imbuga za internet z'intwagondwa z'aba Islam kivuga ko al Qaeda yemeje ko Bin Laden yishwe.

Ico kigo kivuga yuko urwandiko rwashizweko umukono n'abakuru ba al Qaeda ku tariki ya gatatu z'uku kwezi ruboneka ku mbuga nyinshi z'intwagondwa z'aba Islam.

Urwo rwandiko ruvuga ko urupfu rwa Osama Bin Lande ruzozana umuvumo uzokurikirana abanye Amerika.

Urwo rwandiko ariko ntirwashoboye kwemezwa n'impande ataho zegamiye, rukaba kandi ruhamagarira abanye Pakistani kugumuka.

Ikindi gitero muri Pakistani

Hagato aho ibisasu vya misile vy'abanye Amerika vyahitanye abantu bashika 12 mu ntara ya Waziristan iri mu buraruko bwa Pakistani.

Ni igitero ca mbere kuva aho hiciwe Osama Bin Laden muri Pakistani nyene mu minsi ine iheze.

Ibi bibaye mu gihe hari habaye imyiyerekano nyuma y'amasengesho yo ku wa gatanu, yo kwiyamiriza igikorwa ca Amerika, babona nk'ukuvogera ubwigenge bwa Pakistani.

Ku wa kane umukuru w'igisirikare ca Pakistani, General Ashfaq Kayani, yagabishije avuga ko Pakistani izosubiramwo uburyo ikorana na Amerika, nihasubira kuba ikindi gikorwa nk'ico.