Umusozi wabomotse wahitanye abantu 14 mu Rwanda

Mu Rwanda Uwufise ububasha kw’isanamu vt
Image caption Mu Rwanda

Mu Rwanda mu karere ka Nyabihu mu ntara yo mu burengero umusozi waraye ubomotse uhitana abantu 14 n'inzu zitatu babamwo.

Umukuru w'akarere ka Nyabihu yabariye BBC ko abo bantu bose wari umuryango umwe w'umugabo yari afise abogore batatu hamwe n'abana biwe.

Mayor Jean Baptiste Nsengiyumva yavuze ko bamaze gutora imivyimba cumi n'umwe, iyindi itatu bakaba bataramenya irengero ryayo.

Ngo uwo musozi wabomokeye ayo mazu bitewe n'uko imvura yaguye ari nyinshi ku buryo budasanzwe.

Ngo kandi ubutaka ayo mazu yari yubatseko, bwari bufise amazi menshi, ikaba ishobora kuba imwe mu mvo zatumye ayo mahano aba.

Ngo mu murenge wa Rugera, kiretse izo nzu zitatu gusa, nta bindi uwo musozi wononye.