Imyiyerekano muri Syria

Imyiyerekano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Imyiyerekano muri Syria

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bitavye imyiyerekano yo kwiyamiriza leta muri Syria, naho hari abajejwe umutekano benshi cane.

Bivugwa ko mu miji myinshi habaye itana mu mitwe hagati y'abajejwe umutekano n'abari mu myiyerekano.

Abiyerekana bavuga ko abantu batanu bishwe mu muji wa Homs hamwe n'uwundi umwe mu muji wa Hama, ariko ivyo ntivyashoboye gutohozwa n'uruhande ataho rwegamiye.

Habaye imyiyerekano mito mito mu bice bikikuje umurwa mukuru Damascus, hamwe n'itana mu mitwe hagati y'abajejwe umutekano n'abiyerekana mu muhana wa Midan.

Umwe mu batavuga rumwe na leta bazwi cane, Raid Seif, bivugwa ko yafatiwe mu myiyerakano.