Japon igiye guhindura politike yayo ya nucleair

Ikibanza ca Fukushima Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abakozi ku kibanza ca nuclear ca Fukushima

Umushikiranganji wambere wa Japon Naoto Kan yavuze ko Japon igiye gusubira guhera ku ntango kwiga neza umugambi wayo wa nucleair kubera ibara ryaguye Fukushima

Ikibanza ca Fukushima cakwije imishwarara yononera ibinyabuzima kuva kuwa 11 ukwezi kwa gatatu, aho nyamugigima yagiye kungikanya n'imipfunda y'amazi yasunitswe agaruka imusozi vyononeye ico kibanza

Abantu baharurwa mu bihumbi mirongo umunani (80 000) baba kugera kuri km 20 hafi y'ico kibanza barataye ingo zabo.

Uburimyi n'ubudandaji navyo nyene vyarahuye n'ingaruka, kandi igihe abaho bazogarukira ntikivurwa.

Ariko har'abemerewe uno munsi kujayo gutora utwabo.

Amafranga y' indishi ku bimuwe ntarameneykana uko angana, ariko biravurwa ko ashobora kurenga miliyaridi ijana z'ama dollars.

Ibibanza vya nucleair bitanga 30% y'umuyagankuba wa Japon.

Ubundi bwoko bw'amasoko ntanganguvu

Mu kiganiro yatanze, bwana Kan yavuze ko n'aho inguvu za nucleair zizokomeza kugira uruhara ruboneka, bagiye kwihweza ubundi bwoko bw'amasoko ntanganguvu yokoreshwa mu gihugu.

Umugambi w' ikoreshwa ry'amasoko ntanganguvu muri Japon uteganya gukoresha 50% y'umuyagankuba uturutse mu buhinga bwa nucleair, nayo uwurenga 20% ivanwe mu masoko yandi ashobora gusubirizwa (renewable energy) mu 2030.

Ariko rero uwo mugambi bwana Kan avuga k'utegerezwa gusubiramwo kwihwezwa gushasha.

Avuga ko gukingira ubuzima bitegerezwa kuza imbere.

Ikindi kandi ngo n'ugushira umwete ku kubungabunga amasoko ntanganguvu.