Rwanda: Runyinya Barabwiriza muri sentare

umuntu mw' ibohero Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Inyuma yo kumara imyaka irenga 16 mu munyororo ataburan, Runyinya Barabwiriza yarengutse imbere y'intahe, aho arerwa ivyaha bitatu birimwo gutegura jenoside

Runyinya Barabwiriza, yari umujanama wa president Juvenal Habyarimana, yagirizwa kuba yarakoreshe ububasha yar'afise mu gukangurira abahutu kwica abatutsi

Mu ntahe y'icese y'uno munsi, ubushikirizamanza bwagirije barabwiriza kuba yarayoboye amanama akanaha ibirwanisho abahutu bakangurirwa kwica bene wabo.

Ejo Barabwiriza yahakanye ivyo yagirizwa vyose, aho yasobanuye ko amanama yakorwa yari ayo kwigisha abanyagihugu ivyiyumviro ngenderwako vya MRND.

Yanahakanye uruhara mu murwi witwa "groupe de reflexion " war'uigizwe n' incabwenge, urerwa uruhara mu gutegura jenoside.

Runyinya Barabwiriza amaze imyaka irenga 16 apfunzwe ataburana, yavuze ko apfunze hadakurikijwe amategeko.

Ivyo sentare nayo iravyemeza, ariko kuber'ivyaha aregwa bihambaye, yategetse ko akomeza kuguma mu munyororo.

Urubanza rwungururijwe kuwa 24 z'uku kwezi.