Besigye avuga ko yemerewe gutahuka

Kiza Besigye ashika i Nairobi kwivuza Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Kiza Besigye ashika i Nairobi kwivuza

Uwutavuga rumwe na leta ya Uganda, Kizza Besigye, avuga ko yemerewe gutahuka muri Uganda nyuma y'amasaha yankiwe kwinjira mu ndege ya Kenya Airways i Nairobi.

Dr Besigye yari yagiye muri Kenya kwivuza ibikomere yagize igihe yafatwa n'abapolisi ba Uganda mu ndwi zibiri ziheze.

Leta ya Uganda yahakanye ivuga ko itigeze ishaka kumubuza gutahuka.

Mukeba wa Dr Besigye, Prezida Yoweri Museveni, yitegurira kurahirira amabanga yo gusubira kurongora igihuku kuri uyu wa kane.

Abantu isinzi aho bumviye amakuru y'uko Besigye yabujijwe gutaha, baciye buzura amabarabara bashaka kugira imyiyerekano, ariko igipolisi cabashwiragije.