Augustin Bizimungu yakatiwe gupfungwa imyaka 30

Augustin Bizimungu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Augustin Bizimungu

Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yashiriweko u Rwanda iri Arusha yakatiye Augustin Bizimungu, gupfungwa imyaka 30 kubera uruhara yagize mw'itsembabwoko.

Augustin Bizimungu, yahoze ari umukuru w'igisirikare c'u Rwanda mu gihe c'itsembabwoko mu 1994.

Sentare kandi yahamije uwahoze ari umukuru wa gendarmerie, Augustin Ndindiriyimana, icaha c'itsembabwoko, ariko itegeka ko aca arekurwa kuko yari amaze imyaka cumi n'umwe mu munyororo.

Bwana Bizimungu na bwana Ndindiriyimana, nibo bantu bakuru bamaze gukatirwa ku bijanye n'itsembabwoko ryo mu Rwanda, ryahitanye abantu bashika ku bihumbi amajana umunani.

Abandi basirikare babiri baburanywa hamwe n'abo ba general, nabo nyene bakatiwe gufungwa imyaka 20 umwe umwe wese.