ONU ivuga ko ibintu vyifashe nabi muri Libya

Ibintu bigeze habi muri Libya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibintu bigeze habi muri Libya

Uwujejwe gutunganya ibikorwa vyo gutabara Libya mw'ishirahawme mpuzamakungu ONU, avuga ko ibintu bisa n'ibiriko birayangara ku banyagihugu.

Ngo aho ibintu bimeze nabi cane kurusha ahandi ni mu bice vyo mu burengero bw'igihugu.

Panos Mountzis, aherutse muri ico gihugu, akaba avuga ko igitoro, ibifungurwa n'imiti bitagikwiye muri Libya.

Avuga ko amashirahamwe ya ONU akeneye vuba gushika mu gihugu aciye ku butaka canke mu mazi, agasaba ko intambara yohagarara kugira imfashanyo zishikire abanyagihugu.