Umwamikazi w'u Bwongereza yagendeye Irlande

Umwamikazi Elisabeth wa kabiri yakirwa n'umushikiranganji wa mbere wa republika ya Irlande Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umwamikazi Elisabeth wa kabiri yakirwa n'umushikiranganji wa mbere wa republika ya Irlande

Umwamikazi Elisabeth wa kabiri yagize urugendo muri republika ya Irlande, igihugu caronse ubwigenge kiva ku Bwongereza.

Yagendeye ku buryo bufise insiguro nini, urwibutso rwahariwe abanye Irlande benshi baguye mu ngwano yo kwikukira ku Bwongereza.

Umwamikazi w'u Bwongereza yahagararanye n'umushikiranganji wa mbere wa Irlande, Mary McAleese, igihe bariko barashira ingori z'amashurwe kuri urwo rwibutso.

Urugendo rw'umwamikazi muri Irlande ni urwa mbere rugizwe n'umukuru w'Ubwongereza kuva Irlande yaronka ukwikukira haraciye imyaka mirongo icenda.

Leta y'Ubwongereza n'iya Irlande zivuga ko uru rugendo rutanguje intambwe nshasha mu migenderanire y'ibi bihugu.

Ariko urwo rugendo ntirwashimwe n'abiyerekana, badashima ikibanza ca Irlande yo mu buraruko mu runani rw'ibihuru bigize Ubwongereza.

Kare igisirikare ca Irlande categuye igisasu cari catezwe mu kibanza umwamikazi yari kugendera.