Muri Syria habandanije imyiyerekano

Imyiyerekano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imyiyerekano muri Syria

Amakuru ava muri Syria avuga ko imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza leta yabandanije mw'ijoro ryakeye naho abajejwe umutekano bakoresheje inguvu.

Imbuga za internet z'abari mu myiyerekano zivuga ko habaye uruhagarara i Damascus, i Homs, i Hama hamwe no kuri kaminuza ya Aleppo.

Humvikanye ibisasu vyaraswa mu muji wa Tell Kalakh, hafi y'urubibe n'igihugu ca Libani, uwo muji ukaba umaze iminsi myinshi ugabwako ibitero.

Umushikiranganiji wa Syria ajejwe intwaro yo hagati yahakanye amakuru avuga ko hari imva rusangi mu muji wa Deraa uri mu buraruko bw'igihugu.

Abatuye mw'uwo muji bavuze baboye mu mva imwe, imivyimba cumi n'itatu harimwo n'iy'abana.