President Museveni yatatiye abanyamakuru

President Yoweli Museveni Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption President Yoweli Museveni

Umukuru wa Uganda Yoweli Museveni yahamabriye cane ibinyamakuru vyaba ivyo mu gihugu canke mu makungu, aho yavuze kw'ababansi batifuza kw'igihugu ciwe cogorora.

Mu rwandiko yarungikiye itangaza makuru ku mugaragaro, president Museveni yagirije abanyamakuru ko bakomeye amashi abantu ba sindabibazwa.

Umushikiranganji wa Uganda ajejwe itangazamakuru Kabakumba Masiko yabwiye BBC ko amategeko agiye guhindurwa kugira barabe uko bakurikirana abanyamakuru, avuga ko basigaye ar'abansi b'igihugu.

abantu batari munsi ya cenda barishwe n'inzego z'umutekano mu myiyerekano iheruka mur'ico gihugu.