Impari ku rubibe rwa Sudani

Sudani Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Ikarata ya Sudani

Abategetsi mu bumanuko bwa Sudani bwimirije kwigenga mu kwezi kw' indwi, bagiriza uburaruko bw' ico gihgu ko bwugaye urubibe bahana, bagatangira urudandazwa.

umwe mu bategetsi ba Sudani y' amaj' epfo Luka Biong, yavuze ko bitera ingorane abanyagihugu cane cane yo mu bumanuko bwa Sudani.

Abategetsi bo mu buraruko ariko ivyo barabihakana, mugabo har' inkuru zemeza ko har'imodokari zibuzwa kwinjira mu bumanuko.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Sudani avuga kw'ibi bije gusibanganya gusumba imigenderanire yar'isanzwe itifashe neza hagati ya Sudani y'uburaruko n'iy'ubumanuko.