Syria iremera amakosa y'abasirikare bayo

Syria imyerekano Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abari mu myiyerekano muri Syria

President wa Syria Bashar Al Assad, amenyesha kw'inzego z'umutekano har'aho zititwaye neza mu kibazo co kubuza imyiyerekano y'abatavuga rumwe na leta mur'ico gihugu.

Iyo myiyerekano yahitanye abantu barenga amajana umunani, president wa Syria akaba yabwiye ikinyamakuru Al Watan ko abapolisi biwe bakwiye inyigisho nshasha.

Ivyo yabimenyesheje mu giohe BBc yar' imaze kumenya ayandi makuru yemeza ko abajejwe umutekano bateye abanyagihugu basanzwe.

Impunzi z' abanya Syria muri Libani zabwiye BBC ko zataye igihugu zimaze kubona amarorerwa yakorewe mu gisagara ca Tel Kalakh, cari cifatiwe n'abasirikare.

Ibiduga vy'igisirikare ngo vyaraseh mu mazu y'abanyagihugu, bamwe bakicwa bariko bagerageza guhunga.

.