Kizza Besigye apfungishijwe ijisho

Dr Kizza Besigye Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Dr Kizza Besigye

Mu gihe leta ya Uganda ibandanije gukumira uwutavuga rumwe na leta, Kizza Besigye, uno munsi abapolisi bamubujije kuja ku kazi n'umuduga.

Umukuru w'umugambwe FDC, Dr Besigye, yagirijwe n'abapolisi ko hari amakosa ashaka gukora, baca bashinga ibirindiro hanze y'inzu yiwe.

Umugambwe wa Dr Besigye uvuga yuko yapfungishijwe icisho muhira iwe.

Dr Besigye aheruka gutahuka muri Uganda avuye muri Kenya aho yari yagiye kwivuza ibikomere yagize igihe abapolisi ba Uganda bamufatira mu myiyerekano y'abatavuga rumwe na leta.