OUA yahamagaje inama yihutirwa

Bamwe mu bakuru b'ibihugu vy'umuryango wa Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bamwe mu bakuru b'ibihugu vy'umuryango wa Afrika

Umuryango w'ubumwe bwa Afrika, OUA, wahamagaje inama yihutirwa ku wa gatatu w'indwi iza yo kwiga ku kibaza ca Libya.

Mu rwandiko uwo muryango wasohoye, wamenyesheje ko abakuru b'ibihugu bigize uwo muryango bazoganira ku bijanye n'intambara yo muri Libya hamwe n'izindi mvururu ziri ku mugabane.

Abategetsi ba Africa babandanya kwidogera ibitero mpuzamankungu ku mukuru wa Libya Colonel Khaddafi.

Ivyo bimenyeshejwe mu gihe umukuru w'igihugu ca Senegal, Abdoulaye Wade, yafashe ingingo yo gushigikira abarwanya leta ya Libya bafise icicaro i Benghazi.

Bwana Wade ni we mukuru w'igihugu wa mbere wo muri Afrika amaze kwemanga ko ashigikiye abarwanyi b'i Benghazi.