Abasirikare barashe 20 muri muri Syria

Imyiyerekano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imyiyerekano muri Syria

Abasirikare ba Syria barashe abantu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza leta, hapfa abashika ku mirongo ibiri.

Mu gihugu cose, ibihumbi vy'abantu bagiye mu myiyerekano nyuma y'amasengesho yo ku wa gatanu, naho abasirikare mu mabarabara bari benshi.

Mu muji mukuru ugira gatatu, Homs, amakuru avuga ko muri abo bapfuye harimwo umwana.

Ariko bitewe n'uko abanyamakuru b'abanyamahanga babujijwe kwinjira muri Syria, ayo makuru ntiyashoboye gutohozwa neza.

Iyo myiyerekano mishasha ibaye nyuma yaho Prezida Obama avugiye ko Prezida Assad agomba gushira imbere demokrasi, canke akavako.

Syria yagirije uwo mukuru wa Amerika ko yahamagariye abandu kugumuka.