Prezida Alassane Ouattara arimikwa

Prezida Alassane Ouattara Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Alassane Ouattara

Abakuri b'ibihugu n'amaleta barenga 20 biteguriye kwitaba ibirori vyo kwimika Prezida Alassane Ouattara wa Cote d'Ivoire.

Ivyo birori bigomba gusoza icese amezi atandatu y'indyane zahitanye abanye Cote d'Ivoire benshi.

Imirwano yadutse igihe uwo Bwana Ouattara yasubiriye, Laurent Gbagbo, yanka kuva ku butegetsi nyuma y'amatora y'umukuru w'igihugu mu mwaka uheze.

Bwana Ouattara yaremeye ko azoshira imbere ubwiyunge mu gihugu, mu gihe amacakubiri afatiye ku moko ariko arashinga imizi.

Haciye indwi zibiri arahiriye amabanga yo gutwara Cote d'Ivoire, ariko ibi birori vyo kumwimika bigamije gushimangira ubutegetsi bwiwe, nyuma y'itana mu mitwe na bwana Gbagbo.