Afrika y'epfo na Australia: umukuru wa FMI atorerwe ubushobozi

George Osborne ashigikiye Christine Lagarde Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption George Osborne ashigikiye Christine Lagarde

Afrika y'epfo na Australia bivuga ko umukuru mushasha w'ibanki y'isi FMI yotorwa hakurijwe ubushobozi ntihakurikizwe aho ava.

Ivyo buhugu bivuga ko uburyo buriho bukoreshwa mu gutora umukuru w'iyo banki butabereye na gato.

Yamye itwarwa n'umunye Buraya, umushikiranganji w'u Bwongereza ajejwe ubutunzi akaba yashigikiye Christine Lagarde, umushikiranganji w'ubutunzi w'Ubufaransa, ngo abe ari we aja mw'ico kibanza.

Ico kibanza ubu kiragaragara nyuma yaho Dominique Strauss-Kahn atangiye imihoho mu ndwi iheze kugira aburane urubanza yagirizwamwo gufata umugore ku nguvu.