Hosni Mubarak azocibwa urubanza

Uwahoze atwara Misiri, Hosni Mubarak Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwahoze atwara Misiri, Hosni Mubarak

Abajejwe intwaro mu Misiri bavuga ko uwahoze atwara ico gihugu be n'abahungu biwe bazocibwa urubanza.

Bazoburanywa ku vyaha vyerekeye ubwicanyi bw'abari mu myiyerkano yamukuye ku butegetsi mu kwa kabiri, hamwe no ku vyaha vya ruswa.

Abahungu ba Mubarak babiri, Gamal na Alaa, ubu bapfungiwe mw'ibohero riri ku murwa mukuru Cairo.

Umunyamakuru wa BBC ariyo avuga ko leta itwawe n'igisirikare bisa nk'uko yumva ivyo isabwa n'abanyagihugu mu gushikana Mubarak n'abiwe imbere y'ubutungane.