Ikumirwa ry'ibirwanisho ku mugabane wa Afrika

Inkoho za Pistols
Image caption Pistols za Dubai

Mu nama yabereye iKigali mu Rwanda, abaserukira inzego z'igipolisi ku mugabane wa Afrika biteze kunoganza ibibazo bijanye n' ikwiragizwa ry'ibirwanisho, hamwe no gufata ingingo zobafasha kubirwanya.

Inzego zibishinzwe zihamagarira abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusa kubitanga, hagashirwaho ibikorwa vyo kuzisambura, hamwe rero n'amategeko ahna abazifatanywe.

Iki kibazo gikomeza gukomera mu duce twabayemwo intambara igihe kirekire muri kahise n'utukirimwo izo intambara.

inzego z'igipolisi kumugabane wa Afrika zifuza guhuza ibikorwa mur'uyu mugambo wo kurywanya ikwiragizwa ry' ibirwanisho bitobito, bafatanije n'abashinga amategeko hamwe nyandi mashirahamwe abifisemwo uruhara.

Mur'iyo ntumbero yo guhuza ibikorwa har' icifuzo kiriko kirirwa co gushinga igipolisi ku rwego rw' umugabene wa Afrika.

nta biharuro bihari vyerekana ivyankirizwa n' ibi birwanisho bikwiragiye mu banyagihugu batabifitiye uruhusa, ariko ikizwi n' uko ari kimw emu ntambamyi z' iterambere kur' uyo mugabane.