RNC iravuga ku bimenyetso vya jenoside mu Rwanda

Ibimenyetso vya jenoside mu Rwanda Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibimenyetso vya jenoside mu Rwanda

Umutwe wa politike Rwanda National Congress, uvuga ko vyari bikwiye kw'imiryango y'ababuze igira uburenganzira bwo guhitamwo uburyo ishingura ibisigarira vy'ababo bahitanywe na jenoside.

RNC ivuga ko bitey'agahinda kubona ibisigarira vy'abazize jenoside bimanikwa mu bubati aho gushinguranwa icubahiro, hagakoreshwa ibindi bimenyetso mu nzibutso.

Umunyamabanga nshingwabikorwa w'uwo mutwe wa RNC Jonathan Musonera, umwe mu bacitsekw'icumu, avuga ko umuryango wiwe wategetswe kuzura ibisigarira vy'ababo bahitanywe na jenoside bikajanwa mu rwibutso.

Iyo ngingo ngo yababaje umuryango wari waramaze kubashingura, ariko kubera ko babwiwe ko batavyikoreye ubutegetsi burungika abanyororo kuzura abo bantu, babatanga ku nguvu.

Bwana Musonera yemeza kw'ibintu nk' ivyo bikorwa n'ubutegetsi bituma imitima y'ababuze irushaho guhungabana.

Kubwiwe ngo har'ibindi bimenyetso vyari bikwiye gukoreshwa mur'izo nzibutso, nk'amafoto, amazina y'abazize jenoside ndetse n'ivyakoreshejwe mur'ubwo bwicanyi.

RNC yemera ko imiryango y'abazize jenoside yar'ikwiye guhabwa uburenganzira bwo guhitamwo uburyo ababo bashingurwan'iteka.

Umuryango IBUKA uharanira inyungu z'abacitse kw'icumu, umenyesha ko ushigikiye igikorwa ca leta y'urwanda co gushira ibisigarira vy'abazize jenoside mu nzibutso.

Ariko umukuru w' uyu muryango Jean Pierre Dusingizemungu yabwiye BBC ko atokwemeza ko ubuyobozi bwoba butegeka abantu kuzura ibisigarira vy'ababo ku nguvu kugira bijanwe mu nzibutso nk'uko bivurwa na RNC.