Abasirikare n'abarundi bari muri AMISOM ntibahembwa

Abasirikare b'Abarundi muri Somaliya
Image caption Abasirikare b'Abarundi muri Somaliya

Abasirikare b'Uburundi bari mu basirikare b'Afurika bashinzwe kubahiriza amahoro muri Somaliya baravuga ko batarahembwa guhera mu ntangiriro z'uyu mwaka.

Koloneri Gaspard Baratuza, umuvugizi w'ingabo z'Uburundi, aremeza ko abasirikare 4,000 batarahembwa imishihara yabo.

Yavuze ko umuryango w'ibihugu by'afurika wagejeje imishahara yabo muri banki nkuru y'u Burundi ariko ntabwo iyo ibanki irageza ayo mafaranga ku basirikare.

Abo basirikare barishyuza hafi amadolari miliyoni 20.