Abantu barahunga umuji wa Jisr al-Shughur muri Syria

Igisirikare ca Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igisirikare ca Syria

Amakuru ava muri Syria avuga ko abantu bariko barahunga umuji wa Jisr al-Shughur mu buraruko bw'igihugu batinya igitero c'abasirikare ba leta.

Abanyagihugu bariko barashinga ama bariyeri mu mabarabara mu kugerageza kwitegurira ibikorwa vy'abasirikare.

Amasanamu yashizwe kuri internet yerekanye imigwi y'abagore hamwe n'abana bajabuka urubibe berekeza igihugu kibanyi ca Turkia.

Abajejwe intwaro muri Syria bavuze ko baza gukora ibishoboka vyose ngo bagarukane ubutegetsi i Jisr al-Shughur.

Ivyo vyamenyeshejejwe nyuma y'amakuru avuga ko abajejwe umutekano barenga ijana bishwe n'imigwi yitwaje ibirwanisho kuva mu mpera z'indwi iheze.