Uruzuba muri Afrika y'ubuseruko

uruzuba Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption umwonga wagatuwe n'uruzuba

USAID imenyesha ko uruzuba mu buseruka bwa Afrika rwateye ikibazo c'inzara kigeze ku rugero rw'ingorane yo kwihutirwa muri kino gihe.

Miliyoni indwi z'abanyagihugu ba Kenya, Somalia na Ethiopia ngo bakeneye nfashanyo yihuta.

Ivyo ngo vyatumwe n'imvura yabuze mu mwak'uheze, nayo mur'uno mwaka ikarwa nabi cane.

Umunyamakuru wa BBC ajejwe iterambere mu makungu avuga kw' ikimenyetso ca mbere c'urwo ruzuba ar'ukubona uburyo ingamiya zicwa n'inyota mu buraruko bwa Kenya.