Ingabo za Syria zirerwa guter'abanyagihugu

Abasirikare ba Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abasirikare ba Syria binjiye Jisr Al Shughour

Abaharanira uburenganzira bwabo muri Syria bemeza kw'ingabo z'ico gihugu ubu ziriko zigana umuji wa Maarat an-Namaan uri mu bumanuko bushira ubuseruko.

Iradiyo y'igihugu yaheruka kumenyesha ko mur'ako gace, inyubakwa za leta n'ibigo vy'abajejwe umutekano vyatewe.

Ivyo bibaye mu gihe hakomeza kuboneka impunzi zitururka muri Syria zijabuka muri turkiya.

Abamaze kuhagera ubu baharurwa mu bihumbi indwi.