Imyiyerekano irabandanya mu Bugiriki

Umwe mu biyerekana aterera mw'ijwi ivyivugo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umwe mu biyerekana aterera mw'ijwi ivyivugo

Leta y'Ubugiriki yasubiye guhura n'ikibazo c'abiyerekana biyamiriza ingingo yo kugabanya cane amahera leta ikoresha imbere y'uko itegeko ritorwa.

Ubugiriki burahakwa kwimwa ideni ringana n'amamiriyaridi y'ama dollar, yo kwifashisha mu kunagura ubutunzi bwabwo.

Ibihugu vyo mu gisata ca Euro bivuga ko bizoha irindi deni Ubugiriki nibwafata ingingo ruhashwa zo kugabanya amahera bukoresha.

Umunyamakuru wa BBC ari ku murwa mukuru Athenes yavuze ko leta y'Ubugiriki ishobora kurusimba mu matora yo kwizerwa abera mu nama nshingamateka.

Ariko yavuze ko iyo leta bizoyigora kwumvisha iyo nama gushigikira itegeko ryo kugabanya cane amahera akoreshwa, mu matora azoba mu ndwi iza.