Hadutse itana mu mitwe muri Syria

Imyiyerekano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imyiyerekano muri Syria

Muri Syria hadutse itana mu mitwe hagati y'abashigiye n'abadashigikiye leta mu miji ya Homs na Deir al-Zor nyuma y'umunsi umwe Prezida Bashar-al Assad agerageje guhosha ibintu.

Abategura imyiyerekano bavuga ko abanru batatu bishwe igihe abajejwe umutekano bavyinjirahamwo bagahangana n'abadashigikiye leta.

Kare television ya leta yerekanye amasanamu y'abashigikiye leta bariko bariyerekana mu miji myinshi y'igihugu.

Hagati aho abajejwe intwaro bariko baramenyesha ingingo zafashwe nyuma y'ijambo rya Prezida Assad.

Leta yashize ahabona integuro y'itegeko rigenda itunganywa ry'imigambwe, basaba abanye Syria kugira ico barivugako babicishije ku rubaga rwa internet rwategekanijwe.