DRCONGO:Abapolisi bishe Chebeya bakatiwe urupfu

Floribert Chebeya
Image caption Floribert Chebeya

Muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo abapolisi 4 baciriwe urubanza rwo gupfa, bamaze kwagirwa n'icaha co kwica Floribert Chebeya, yari umukuru w'umuhari uharanira agateka ka zina muntu, La Voix Des sans voix.

Uwundi nawe yakatiwe gupfungwa ubuzima bwose kubera gufatanya icaha, abandi 3 bambikwa izera.

Floribert Cebeya yishwe mu mwaka uheze, ikiziga ciwe gitorwa mu modokari yiwe hafi y'umurwa mukuru Kinshasa.