Abanyasomaliya bahungira uruzuba muri Kenya

umurimyi mu murima wishwe n'uruzuba Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umurimyi w'umunyafrika mu murima wishwe n'uruzuba

Abantu baharurwa muri miliyoni mirong'itandatu nibo basinzikajwe n'ururzuba mw'ihemeb rya Afrika.

Ishami ry' ishiirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutunganya ibikorwa vy'ubutabazi OCHA rikorera aho mw'ihembe rya Afrika, rivuga ko ubukene bw'infungurwa burangwa muri Somalia, Ethiopia, Djibouti, Kenya na Uganda buruta ubur ahandi hose kw'isi.

Ishirahamwe Save the Children, rimenyesha ko uruzuba n'intamabra vyiziziye Somalia, vyatumye ibitigiri binini vy'impunzi zijabuka mu gihugu kibanyi ca Kenya.

Abagera ku gihumbi n'amajana atatu nibo bajabuka baqja mw'ikambi ya Dadaab buri munsi.