Izindi ngingo zo gutubika umukanda mu Bugereki

Iigumuko imbere y'inama nshingamateka Athens Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Polise yatanye mu mitwe n'abiyerekana imbere y'ingoro y'abashingamateka Athens

Abashingamateka 155 kuri 300 bagize inama ishinga amategeko y' Ubugereki nibo bemeje ingingo nshasha zijanye no kugabanya miliyoni 40 ku mafranga leta ikoresha.

Inama nshingamateka ibwirizwa gutora irindi tegeko ritomora uburyo izo ngingo zo gutubika umukanda zizoshirwa mu ngiro.

Hanze y'ingoro y'inama nshingamateka, aba polisi bakomeje guhangana n'abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza izo ngingo nshasha, mu gihe abashingamateka bari bagitora.

Ibihugu bikoresha ifranga rimwe rya Euro, kimwe n'ikigega mpuzamakungu FMI, vyasavye kw'izo ngingo zo gutubika umukanda zibanza kwemezwa, imbere yo guha ayandi mafranga Ubugereki, yo kuriha ideni busanganywe.