Somalia iratabaza amakungu kuber'uruzuba

Impunzi z'abanya Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Impunzi z'abanya Somalia

Abdiweli Mohamed Ali yabwiye BBC ko hakenewe ibikoresho vyofasha gushikira akarere ko mu bumanuko bwa Somalia kasinzikajwe cane n'urwo ruzuba gusumba ahandi, kagenzurwa hanini n'umuhari Al Shabaab.

Ivyo yabivuze mu gihe ishirahamwe ryitaho infungurwa PAM ryamenyesheje ko ririko rikora ibishboka vyose kugira risubire gukorera aho mu bumanuko bwa Somalia.Umuhari Al shabaab mu ndwi iheze.

wavuze ko ugiye kurekura amashirahamwe y'abagiraneza akagaruka gukorera muri Somalia.