Impari mu ba depite ba UK ku kibazo co kuneka terefone

Umushikiranganji wa mbere wa UK David Cameron Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa UK David Cameron

Umushikiranganji wa mbere David Cameron n'umukuru w'umugambwe utari muri leta Ed Miliband, baneguye cane ibinyamakuru vyagirizwa kuba vyarakoze amakosa yo kumviriza telephone z'abantu bidaciye mu mategeko.

Ariko uruhande rutavuga rumwe n'ubutegetsi bwaneguye cane leta ku buryo yifashe mur'ico kibazo.

Uyu munsi inama nshingamateka yakoranye kwiga ku kibazo c'uko bwana Murdock yokuramwo akarenge mu guhiganirwa kugura television BSkyB.

Imigambwe itatu ikomeye mu gihugu ihuriza ku ngingo imwe ko batoreka ngo iryo soko ryegukire Murdock.