Sudani y'ubumanuko yikukiye

Umugabo areruye ibendera rishasha rya Sudani y'ubumanuko Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umugabo areruye ibendera rishasha rya Sudani y'ubumanuko

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanye Sudani y'ubumanuko barorereye ingene ibendera ryabo riduga mu birori vyabereye ku murwa mukuru Juba.

Umukuru w'igihugu wa Sudani Omar al-Bashir hamwe n'umukuru wa ONU Ban Ki-moon bari mu batumire b'iteka bitavye uwo munsi uri hejuru.

Sudani yo mu bumanuko yabaye igihugu gishasha kw'isi saa sita z'ijoro, bikaba bishikanye amasezerano y'amahoro yashizweko umukono mu 2005.

Sudani yabaye igihugu ca mbere cemeje icese ukubaho kw'igihugu kibanyi caco arico Sudani y'ubumanuko.

Ukwikukira kwa Sudani kuje nyuma y'intambara yamaze imyaka myinshi igahitana abantu umuriyoni n'igice.

Umunezero ntangere

Ibirori ku murwa mukuru Juba vyatanguye saa sita z'ijoro, isaha iharura yari yashizwe hagati mu gisagara, imaze kwandika ubusa indirimbo nshasha ihayagiza igihugu ica irasamirana kuri television.

Sudani y'ubumanuko ibaye igihugu kigira 193 cemejwe na ONU, ikaba kandi ibaye igihugu kigira 54 muri Afrika.

Umunyamakuru wa BBC Will Ross ari Juba yavuze ko ingorane z'igihugu zabaye zishizwe ku ruhande mu gihe bitegurira ijoro ry'ibirori.

Abantu bari mu mabarabara baririmba, berekana ibendera rishasha rya Sudani y'ubumanuko, bavuza ingoma banatamba bakaririmba izina rya Prezida Salva Kiir Mayardit.

Kuri uyu wa gatandatu, ibirori icese vy'uwo munsi mukuru vyabereye ku ntatemwa y'uwarwaniye ico gihugu, umuhisi John Garang, yapfuye haciye amezi atatu gusa ashize umukono ku masezerano y'amahoro, yaheraheje intambara ya mbere yamaze imyaka myinshi muri Afrika