ONU isaba Senegal kutarungika Habre muri Chad

Hissene Habre Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Hissene Habre

Uwujejwe agateka ka zina muntu muri ONU yasavye Senegal guhagarika ivyo kurungika Hissene Habre muri Chad aho yakatiwe urwo gupfa adahari.

Navi Pillay yavuze ko afise impungenge ko bwana Habre, yahoze atwara Chad, asubijweyo yokubagurwa.

Ku wa gatanu, Senegal yavuze ko bwana Habre azorungikwa muri Chad itariki 11 z'ukw'indwi.

Bwana Habre yagirizwa kuba yarishe akanakubagura ibihumbi vy'abantu batavuga rumwe hagati y'imyaka 1982 n'1990, ariko ivyo arabihakana.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu nayo yamenyesheje ko ahangayikishijwe n'iyo ngingo ya Senegal, akavuga ko bwana Habre atocibwa urubanza ruzima muri Chad.

Aba mu gihugu ca Senegal kuva mu 1990 igihe yahirikwa ku butegetsi.

Umugwi ujejwe gushakisha ukuri washizweko muri Chad mu 1992, umwagiriza kuba ariwe yatumye haba ikubagurwa hamwe n'urupfu rw'abantu ibihumbi 40 mu myaka umunani yatwaye Chad.

Mu 2008 yakatiwe urwo gupfa atariho ari, yagirizwa gushaka gutembagaza leta ya Chad.