Umukuru wa HCR ari muri Kenya kugarukira ku mpunzi z'uruzuba

Inkambi y'impunzi ya Dadaab muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Inkambi y'impunzi ya Dadaab muri Kenya

Umukuru w'ishami rya ONU ryita ku mpunzi HCR, Antonio Guterres, ari muri Kenya guhimiriza ico gihugu kwugurura iyindi nkambi y'impunzi.

Bwana Guterres yagomba kugirana umubonana n'umukuru wa Kenya, Mwai Kibaki, ariko uwo mubonano wasibijwe.

Leta ya Kenya gushika ubu yaranse ko iyo nkambi iherahezwa, ikaba ifise ubushobozi bwo kwakira impunzi ibihumbi 40.

Kenya yanka ko iyo nkambi ikora, ngo kuko ishobora gutuma impunzi zica zishaka kwigumira muri Kenya hako zotahutse ingorane ziheze.

Iyo nkambi nshasha iri hafi n'iyiri i Dadaab, imaze kurengerwa n'impunzi zahunze uruzuba n'intamabara biri mu gihugu ca Somalia.