Urubanza rwa mbere rw'umu LRA muri Uganda

Umurwanyi wa Lord's Resitance Army Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umurwanyi wa Lord's Resitance Army

Urubanza rwa mbere rw'umwe mu bagaba b'umuhari urwanya leta ya Uganda, Lord's Resitance Army, rwantaguye uno munsi i Gulu mu buraruko bw'igihugu.

Uwo mugaba ari ku rwego rwo hagati ni Thomas Kwoyelo, akaba yagirizwa ivya 53 bijanye no kwica ku gushaka, kunyuruza abantu, gusambura ivy'abandi hamwe no gukomeretsa.

Bwana Kwoyelo yagirizwa kuba yarashoje ibitero mu mitumba hagati y'imyaka 1992 n'2005, bakica kandi bakanyuruza abanyagihugu, harimwo abagore n'abana, ariko ivyo vyaha vyose arabihakana.

Abantu bashika ku bihumbi mirongo itatu nibo bivugwa ko biciwe mu ntambara yamaze imyaka 24, hagati ya LRA na leta ya Uganda.