David Cameron ahanganye n'abashingamateka

David Cameron yishura ibibazo mu nama nshingamateka Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption David Cameron yishura ibibazo mu nama nshingamateka

Mu nama nshingamateka y'Ubwongereza habareye impari zikomeye mu gihe umushikiranganji wa mbere David Cameron yishura ku bijanye no kwumviriza telefone z'abantu.

Iryo bara ryashegeshe igipolisi hamwe n'inzego za politike, co kimwe n'ishirahamwe kabuhariwe ritangaza amakuru ry'umutunzi Rupert Murdoch.

Umushikiranganji wa mbere David Cameron yavuze ko icizere abanyagihu bafitiye inzego za politike cahungabanye, ngo rero ivyo bitegerezwa gutorerwa umuti.

Yavuze ko iyo abimenya atari kugira umuvugizi wiwe uwahoze ari umuyobozi mukuru w'ikinyamakuru News of the World, Andy Coulson, yafashwe mu kwezi guheze mu bijanye no kwumviriza telefone z'abantu.

Bwana Cameron yavuze ko azosaba ikigongwe yivuye inyuma, nivyamenyekana ko bwana Coulson yamubeshe mu kumubwira ko ata ruhara yagize mu vyo kwumviriza amatelefone.