Burundi: umurwi ujejwe kumenyekanisha ukuri no kurekuriranira.

Perezida Nkurunziza Uwufise ububasha kw’isanamu Gahuza
Image caption Perezida Nkurunziza

Mu Burundi, umukuru w’igihugu yashikirije ijambo abarundi n’amakungu aho amenyesha ko hagiye gutanguza isekeza ryo gusigurira abarundi ibijanye n’ishirwaho ry’umurwi uzoba ujejwe kumenyekanisha ukuri no kurekuriranira.

Bitegekanijwe ko uwo murwi utangura akazi mu ntango z’umwaka uza, sentare ijejwe gucira imanza abakoze ivyaha vyagahomerabunwa ikazotangura ari uko uwo mugwi urangije akazi kawo.

Muri iryo jambo umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza, yibukije amasezerano ya Arusha ari yo asaba ko hajaho umugwi ujejwe kumenyekanisha ukuri no kurekuriranira.

Ivyo ngo kubera abarundi basanze ari ngombwa ko bamenya ukuri ku vyabaye, ko hakenewe umugambi wo gusubiza hamwe hamwe rero n’intahe yokubita mu gahanga abagirizwa ivyaha vy’agahomerabunwa.

Kugira ivyo bishoboke, Prezida Pierre Nkurunziza avuga ko bagiye guha ijambo abanyagihugu, basigurirwe bikwiye, maze uwo mugwi utangure akazi kawo mu ntango z’umwaka uza gushika mu 2013.

Pierre Nkurunziza arabeshuza abavuga ko uwo mugwi wamaze kujaho, avuga ko yashizeho gusa umugwi ujejwe kwihweza ingene wojaho.