Abantu barahunga umuji wa Hama muri Syria

Ibiduga vy'ingwano mu muji wa Hama Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibiduga vy'ingwano mu muji wa Hama

Amakuru ava muri Syria avuga ko abantu bariko barahunga umuji wa Hama berekeza mu gihugu hagati mu gihe abasirikare ba leta bawushwayemwo.

Ibiduga vy'ingwano vya leta vyaraye birarasa mu mihana, bikavugwa ko abanatu benshi bahunze bibaza ko igisirikare kiza kwigarurira umuji wose.

Habaye imyiyerekano hirya no hino mu mabarabara y'umuji, co kimwe n'imyiyerekano mu gihugu cose basaba ko ivyo bitero bihagarara.

Abantu barenga ijana barishwe i Hama ku wa Mungu nyuma y'igitero gikomeye cagabwe n'abasirikare ba leta.