Amerika yemeje itegeko ryo kwongereza amadeni ifata

Isaha yerekana ideni rya Amerika uko ringana Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Isaha yerekana ideni rya Amerika uko ringana

Nyuma y'indwi z'impari za politike zikomeye, inama nkenguzamateka ya Amerika yemeje itegeko ryo kwongereza amahera leta ishobora kugurana.

Abakenguzamateka i Wanshigton batoye ku majwi 74 y'abemeje itegeko na 26 y'abaryiyamirije, rica riremezwa, rikaba kandi ryari ryemejwe n'inama nshingamateka ejo ku wa mbere.

Ayo matora yaciriye inzira Prezida Obama yo guca ashira umukono kuri iryo tegeko rikaja mu ngiro.

Iryo tegeko ryemejwe ryemerera leta kwongereza amahera ishobora kugurana gushika ku miriyaridi ibihumbi bibiri.

Ariko iryo tegeko kandi, ribwiriza leta kuzigana ayandi mahera angana nk'ayo nyene mu kiringo c'imyaka 10 iri imbere, kandi nta makori mashasha agomba gutozwa.