Abakoresha ifaranga rya Euro bavuga ko ata mpungenge

Abakoresha ama Euro ngo nta kibazo bafise Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abakoresha ama Euro ngo nta kibazo bafise

Uwujejwe ivy'amafaranga mu muryango wa Buraya, Olli Rehn, yagerageje kwizeza amakungu ko akarere gakoresha ifaranga rya Euro ata kaga karimwo nyuma y'indwi hari uruhagarara ku soko y'amafaranga.

Bwana Rehn yavuze ko amakuru avuga ko ibihugu bimwe bikoresha ifaranga rya Euro bifise ibibazo, ata shingiro afise.

Yavuze ko yaba Ubutariyano canek Espagne, ngo nta gihugu na kimwe gikene kugarukirwako.

Ibiharuro bishasha muri Amerika vyerekana aho ubushomeri bigeze bisa nk'ibidateye ubwoba, kandi amasoko y'imigabane i Buraya yatoye akoyoko nyuma y'ayo makuru.