Maitre Isidore Rufyikiri yaraye arekuwe

Ubutungane Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Ubutungane

Umukuru w’abashingwamanza mu Burundi Isidore Rufykiri nijoro niho yava mu munyororo aho yaramaze indwi nyuma y’ugufatwa yagirizwa ko yatutse urwego rw’abacamanza.

Rufyikiri avuga ko n’ivyo gukurikiranwa n’icaha vyaheze.

Isidore rufyikiri yari yafashwe ku wa gatatu uheze, yaguirizwa gutuka abacamanza ku majambo yashikirije bari mu myiyerekano yo gusaba irekurwa rya mugenzi wabo yaheruka gufatwa.

Maitre Rufykiri avuga ko atagaye abacamanza bose kuko ngo abakora neza barahari ariko ngo n’abakora nabi ntibabuze.

Ivyo yavuze

Ivyo yavuze vyari bifatiye kw’ifatwa n’ifungwa ry’umushingwamanza Bukuru Suzanne yagirizwa gufasha abanyamahanga gusuma urusaku mu Burundi, uwo nawo nyene akaba yahavuye arekurwa.

Ariko abacamanza n’ubu ntibarata hasi kuko hari n’uwundi mugenzi wabo Francois Nyamoya, nawe nyene amaze indwi mw’ibohero nyuma yo gufatwa yagirizwa ko yaguze amasura mu urubanza yaburanye mu 2003, icaha bagenziwe bavuga ko kidashobora kumukurikirana imyaka itatu imaze kurenga ivyo yagirizwa bibaye.