Libya irahakana urupfu rw'umuhungu wa Khaddafi

Aho kimwe mu bitero vy'indege za NATO casambuye
Image caption Aho kimwe mu bitero vy'indege za NATO casambuye

Leta ya Libya irahakana amakuru avuga ko umuhungu wa Khaddafi, Khamis, yiciwe mu gitero c'indege za NATO ejo mu muji wa Zlitan.

Umuvugizi wa leta, Moussa Ibrahim, yavuze ko Khamis Khaddafi ari mu zima kandi ameze neza.

Bubaye ubugira kabiri muri uno mwaka, havugwa amakuru y'uko Khamis Khaddafi yishwe.

Nivyemezwa ko ari vyo, biraba ari igihombo kinini cane kuri Khaddafi.

Khamis atwara umugwi w'abasirikare kabuhariwe, bivugwa ko bakora akazi gakomeye cane.

Asanzwe yankwa kandi agatinywa n'abarwanya leta.