Imvururu mu muji wa Londres

Inyubakwa yaturiye mu migumuko i Londres Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Inyubakwa yaturiye mu migumuko i Londres

Imvururu zatanguriye mu buraruko bwa Londres zikwiragira mu bindi bice vy'umuji mw'ijoro no mu yindi mihingo, abasahura batumbereza amaduka banaturira amazu.

Abapolisi na bakizimya moto akazi kababanye ikirenga, gushika aho hamwe hamwe abasahura biba ataco binona.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko ibice bimwe vya Londres vyari biteye ubwoba kubibamwo mw'ijoro.

Amajana y'abantu barafashwe gushika aho amabohero y'igipolisi yuzura.

Imiduga n'amaduka vyarononekaye i Birmingham, Liverpool hamwe n'i Bristol.

Urukino rw'umupira w'amaguru rwa kivugakanyi hagati y'Ubwongereza na Hollande rwagomba kuba ejo rwasibijwe kubera imvo z'umutekano.